Incandago za COVID-19

Kuronka urucandago rwa COVID-19 rudafise ingaruka mbi kandi ruboneka ku bantu bose muri Australia bizofasha kugukingira, gukingira umuryango wawe hamwe n'ikibano ubamwo, bigukingire umugera wa corona.

Incandago za COVID-19 zizotangwa ku buntu ku muntu wesi wo muri Australia, nubwo mbere utoba uri umwenegihugu wa Australia canke ngo ube uwuhatuye igihe cose. Muri abo harimwo abadafise amakarata yo kwivurizako, ingenzi zaje ziva hanze ya Australia, abanyeshuri bava hanze ya Australia ariko biga muri Australia, hamwe n'abarondera ubuhungiro.

Kuzindi nkuru zijanye no amagara zisobanuye murundi ururimi raba kuri: https://www.health.gov.au/initiatives-and-programs/covid-19-vaccines/covid-19-vaccine-information-in-your-language