Ivangura ry’amoko ntirirekuriwe
Iyo ubonye canke uriko uraca mw’ivangura ry’amoko, ugukubakurwa canke urwanko, ntuvyihanganire, ntubisengereko, ahubwo bishire ahabona.
Iyo hari uwakugizeko inyifato y’ivangura ry’amoko
- Iyo baguteye canke baguteye ubwoba bw’uko bakugirira nabi, usabwe kwitura inyamiramabi.
- Igihe ata gukoresha igikenye kwabayemwo, kandi iyo iyo ata ngorane gukora gurtyo birimwo, urashobora gutorera umuntu wewe nyene ico kibazo mu guhangara uwo muntu nyene yazanye izo ngorane canke guhangara abo bantu vyega.
- Iyo udashoboye gutorera umuti izo ngorane uhangaye abo bantu vyega, canke ukiyumva ko utari mu mutekano hamwe wobahangara, urashobora kwitwara ku murwi ujejwe agateka ka zina muntu wo muri Australia (AHRC).
- Kugira ngo witware ku murwi ujejwe agateka ka zina muntu wo muri Australia (AHRC), ca kuri www.humanrights.gov.au/complaints canke uhamgare ku bikorwa bijejwe gutanga inkuru ku gihugu mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu wo muri Australia kuri 1300 656 419 or 02 9284 9888.
Ububasha bw’ivyabona
Igihe abantu babonye ivangura moko bakaryiyamiriza, ivyo bituma uwo muntu yagiriwe ivanguramoko yumva ko ashigikiwe, kandi bigatuma uyo muntu yariko agira ivangura moko abanza kwiyumvira kabiri akageguza, akihanura mu guheba iyo ngendo. Ntiwishire mu kaga, ntiwigerezeko. Ariko iyo ata ngorane, bivuge uvyeruye, ushigikire uwo yagiriwe ivangurwa ry’amoko. Mbere n’akantu gatoya wokora gashobora kuvyara ikintu kinini.
Iyo ubonye umuntu agize inyifato y’ukuvangura amoko urashobora:
- Kuvyamirira kure— kuvuga ko ari ukuvangura amoko, bwira nyene kuvangura amoko ko bitemewe
- Shigikira uwo yagiriwe ivangurwa ry’amoko — hagararana n’uwo yagiriwe ivangurwa ry’amoko maze umubaze yuko ari amahoro, ko yiyumva ko ari mu mutekano
- Rondera ivyemezo — fata amajwi ivyabaye kuri telephone yawe, fata ifoto rya nyene gukora ivangura ry’amoko kandi ubishikirize abategetsi
Umurwi ujejwe agateka ka zina muntu wo muri Australia urafise ico ubarira abarorerezi, ivyabona, ronderera kuri https://itstopswithme.humanrights.gov.au/respond-racism
Ivangura ry’amoko n’uburenganzira bwawe
Muri Australia uba urenze amategeko iyo ukoze ikintu mu bantu gishingiye ku moko, urukoba, inkomoko y’umuntu canke igihugfu yavukiyemwo canke umurwi w’abantu ushobora kugirira nabi abandi, gutuka abanda, gukengera canke gutera ubwoba abandi. Iyo nyifato nk’iyo ifatwa nk’uko ari urwanko rufatiye kw’ivangura moko.
Mu burorero bw’inzigo ifatiye kw’ivanguramoko harimwo:
- Ibintu bibabaza abanda ku murongo ngurukanabumenyi, harimwo na eforums, blogs, imbuga nkoranyambaga hamwe n’uguhanahana ama video ku mbuga nkoranyambaga
- Ibintu bibabaza bifatiye ku moko canke amashusho yashizwe ahabona mu binyamakuru canke mu bindi bintu vyashizwe ahabona udupapuro dutangaza amakuru
- Imvugo zifatiye ku kuvangura amoko zivugirwa ahantu ho kwiyamamariza
- Amajambo yo kuvangura amoko avugirwa mu bantu, nko mu maduka, aho abantu bakorera ku kazi, muri park, mu miduga itwara abantu canke kw’ishuri
- Amajambo afatiye ku kuvangura amoko mu bihe vy’ukwinonora imitsi bigizwe n’abakinyi,abarorerezi , abamenyereza canke abahagarikizi b’inkino.
Amategeko arondera gushiraho ibikwiriye hagati y’uburenganzira bwo kuvugana bwo gutanga ivyiyumviro no kuvugana n’abantu ata gahato (‘umwidegemvyo wo gushikiriza ivyiyumviro’) hamwe n’uburenganzira bwo kubaho widegemvya ata nzigo ifatiye kw’ivangura amoko. Hariho ibikorwa bitaba birenze amategeko iyo “bikozwe bitagambiriwe kandi ataco bihekeyeko”.
Ivangura moko riraba igihe umuntu afashwe nabi kurusha uwundi bari mu bihe bimwe kubera ubwoko, urukoba, iyo yavukiye, igihugu yakomotsemwo canke kubera ari inyambukira nko kumwankira gukota inzu kubera bava mu bwoko kanaka canke kubera urukoba rwiwe.
Ivangura ry’amoko vyongeye riraba igihe hariho itegeko canke ingingo risa ku bantu bose, rikora ku bantu bose ariko rikaba rifise ico ryisangije kibi ku bantu b’ubwoko kanaka, bafise urukoba kanaka, aho bavukiye, igihugu baje bavamwo canke inyambukira nk’amashirahamwe canke inganda zivuga yoko abakozi badategerezwa kwambara inkofero canke ibindi bintu vyambarwa ku mitwe ku kazi, bishobora kugira ingaruka mbi ku bantu bakomoka mu bwoko kanaka.
Iyo wagiriwe ivangurwa ry’amoko canke urwanko rufatiye ku moko urashobora kwitwara ku murwi ujejwe agateka ka zina muntu mwo muri Australia. Uburyo bwo kwitwara buroroshe, ntaco busaba c’amahera kandi buroroshe.
Kugira ngo witwara mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Australia, rondera ingene bigenda kuri www.humanrights.gov.au/complaints
Ibikorwa ku rwego rw’igihugu bitanga inkuru
Ibikorwa vy’ugutanga inkuru mu gihugu mu murwi ujejwe agateka ka zina muntu muri Australia (NIS) bitanga inkuru kandi bikarungika abantu, amashirahamwe n’abakoresha ahantu batorera umuti ibibazo bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’ibibazo bijanyue n’ikumirwa. Ivyo bikorwa bikorwa ku buntu kandi biguma ari ibanga.
NIS ishobora:
- kuguha inkuru n’uburenganzira bwawe n’ibikwega hisunzwe uburenganzira bwa zina muntu mu gihugu cose hamwe n’amategeko arwanya ikumirwa
- guhanahana ivyiyumviro nimba ushobora kwitwara mu murwi canke ukugene ivyagezwe bishobora gukoreshwa ku vyawe
- kuguha inkuru zerekeranye n’ukugene ushobora kwitwara, ingene ushobora kwiregura canke gutorera umuti ugukumirwa kudasanzwe
- kukurungika ku rindi shirahamwe rishobora kuba ryogufasha
Usabwe kumenya yuko NIS idashobora kuguha impanuro zerekeranye n’amategeko.
Ushobora gushikira NIS uciye aha:
- Hamagara kuri: 1300 656 419 canke kuri 02 9284 9888
- Ubuhinga ngurukanabumenyi: infoservice@humanrights.gov.au
- Faksi: 02 9284 9611
- Ibikorwa ku rwego rw’igihugu: 1300 555 727 (vuga maze uce utega ugutwi) canke na ho uire ico bita internet-relay.nrscall.gov.au
Ibikorwa vyo gusigura no gusobanura
Ibikorwa vyo gusigura no gusobanura (TIS ku rwego rw’igihugu) ni ibikorwa vyo gusobanurira abantu batavuga ururimi rw’Ikingereza. Ibikorwa vyinshi vyo muri TIS ku rwego rw’igihugu nta mahera birihisha ku bantu batavuga Ikingereza.
- Hamagara kuri: 131 450
- Ronderera kuri: www.tisnational.gov.au
Impanuro hamwe n’amagara meza ku babafise ubumuga bwo mu mutwe
Ibikorwa bishasha vyo gushigikira bikora amasaha 24/7 vyatunganijwe mu buryo budasanzwe kugira ngo bifashe abantu banduye ikiza ca COVID-19 biriho ku buntu ku bantu bose bavuka muri Australia.
Ibikorwa vyo gushigikira bishobora kuboneka kuriuru rubuga nkoranyambaga https://coronavirus.beyondblue.org.au/
Ku muntu ari mu ngorane yisangije kandi akaba agendana ubumuga mu mutwe ibikorwa vyo gushigikira abameze bartyo urashobora kurondera Beyond Blue kuri 1800 512 348 canke ku murongo w’ubuzima kuri 13 11 14 umwanya uwo ari wo wose.
Umurongo wo gufasha abana ni ibikorwa bitarihwa ku bakiri bato guhera ku myaka 5 gushika kuri 25. Abana, abafise imyaka iri hagati ya 13 na 19 hamwe n’imisore barashobora guhamagara kuri 1800 551 800 umwanya uwo ari wo wose.