Ugukuraho ibinyoma n’ukuri ku vyerekeranye na Coronavirus (COVID-19)

IBIVUGWA: Urashobora kuvura coronavirus ukoresheje  antibiotics canke imiti ivura Malaria

UKURI: Nta rukingo canke umuti bwite uratorwa wo kuvura  coronavirus.

Abashakashatsi mw'isi yose bariko barakora cane kugira ngo bashireho urukingo rwo gukinga uwo mugera. Hariho incanco nyinshi zirikozirageragezwa mu mavuriro kugira ngo barabe urushoboka, urwotsinda izindi. Yamara, ntituzi umwanya ubwo bushakashatsi bwo kurondera urwo rukingo buzomara.

Abashakashatsi vyongeye bariko bararondera ugukoresha imiti mishasha kandi ija iriho ishobora kuvura coronavirus. Nk'akarorero, umuti witwa anti-viral uzwi kw'izina rya remdesivir, waremerewe vy'imfatakibanza muri Australia gukoreshwa mu kuvura abantu basinzikajwe na COVID-19. Mu yindi miti iriko iragirwako ubushakashatsi harimwo imiti ikoreshwa mu kuvura arthritis, malaria na HIV. Iyo miti ntizokiza coronavirus, ariko ishobora kugabanura abantu bandura uwo mugera kandi bikagabanya ubukana bw'abayirwaye.

Ni ngirakamaro rero kwikingira hakoreshejwe gukaraba amaboko no gusuzuma ibijanye n'uguhema, guhana inta hagati y'umuntu n'uwundi, kuguma muhira hamwe no kwipimisha igihe cose wumva ko utameze neza, hamwe no kwambara agapfuka munwa n'amazuru igihe cose uri ahantu mu kibano iyo ngwara yatse indaro, cane cane igihe bigoye guhana inta n'abandi bantu.

IBIVUGWA: Abana ni bo ‘bakwiragiza kurusha abandi ’ COVID-19

UKURI: Nubwo bizwi ko abana bakiri bato ari bo "bakwirigiza kurusha abandi" imigera n'ivyandukiza mu bisanzwe, nk'ibicurane, ukuri kuzwi ubu kuri COVID-19 kwerekana yuko ukwandukizanya kw'abana mu mashuri kudashemeye na gato. Ikindi, nta biharuro na bimwe ahantu na hamwe mw'isi vyerekana yuko uwo mugera ahanini wakwiragijwe n'abana. Nubwo vyoba bishoboka, ivyemezo muri iki gihe vyerekana yuko abana atari bo bakwiragiza kurusha abandi umugera utera COVID-19.

IBIVUGWA: Australia ntishobora kuronka ibikoresho n'imiti bihagije

UKURI: Australia yarakoze ibishoboka vyose birashimwa mu kugabanura ubukana bw'iyo ngwara, kandi ivyo vyasiguye yuko twirinze imisuhero ku bitaro vyacu.

Turafise ibikoresho bihagije vyo kwikingira muri Australia, kandi hariho n'ibindi vyinshi biriko birakorwa muri Australia kandi bigakwiragizwa muri Australia igihe cose. Nk'akarorero, ahabikwa ibikoresho vyo kwa muganga ku rwego rw'igihugu haguma huzuye, kandi mbere hararondewe n'ibindi bikoresho birengeye inusu y'Umuriyaridi w'udupfukamunwa n'amazuru bizotangwa mu mwaka wose  wa 2021.

Amanama mpanuzwajambo ya Reta ya Australia, harimwo n'urunani rw'ingwara zandukira muri Australia hamwe n'urunani rw'amagara y'abantu muri Australia rupima ingwara, barakunda kubonana kenshi kugira ngo basuzume umuyobora boha ibikenewe mu gusuzuma COVID-19, kugira ngo barabe neza ko ivya nnkenerwa vy'ugupima bikorwa kugira ngo bashigikire igisata kijejwe amagara y'abantu mu kurwanya ikiza ca COVID-19.

IBIVUGWA: ibitaro vyo muri Australia ntivyoshobora guhangana n'ibintu vyinshi bisabwa mu kurwanya  COVID-19.

UKURI:   Australia yarakoze ibishoboka vyose birashimwa mu kugabanura ubukana bw'iyo ngwara, kandi ivyo vyasiguye yuko twirinze imisuhero ku bitaro vyacu.  Australia ifise uburyo bwa mbere bwiza bwubatswe mu gukingira amagara y'abantu bwashizweho kugira ngo ikindi kintu cose cosabwa muri iki gihe c'ikiza ca COVID-19 ntikibatere batiteguye bibaye ngombwa. Muri ivyo habayeho ukwongereza ibitanda vyo kuryamako mu bitaro, kwongereza ibikoresho vyo kwa muganga, imiti, hamwe n'ukwongereza abaganga biciye mu masezerano y'ugukorera hamwe kwa Reta ya Australia, amareta y'ibihugu n'intara hamwe  n'igisata c'abikorera utwabo mu magara y'abantu.

IBIVUGWA: Uguhagarika ibikorwa amayinga abiri abantu bugaranywe vyohagarika ugukwiragizwa kwa COVID-19

UKURI:     Gushiraho inzitizi no kubuza ibikorwa kw'amayinga abiri canke atatu hanyuma izo nzitizi zigakurwaho hanyuma abantu bagasubira muri bwa buzima bwabo busanzwe nk'uko bahora babubamwo nitizohagarika ukurandagata kwa COVID-19.

Benshi mu bantu barwaye COVID-19 bafise ibimenyetso bito bito canke mbere nta n'ibimenyetso baba bafise Akaga ko gupfungirana abantu amayinga abiri ni uko abantu batagira ibimenyetso vya COVID-19 bashobora kwanduza umugera abandi batabizi igihe ibindi bintu vyose biba vyuguruye inyuma y'ukwugaranwa.

Inzira nziza ya mbere y'ukugabanya ukurandagata kwa COVID-19 ni ugukurikiza isuku y'amaboko n'uguhema, guhana inta hagati y'umuntu n'uwundi, kuguma i muhira hamwe no kwipimisha igihe wumvise ko utameze neza, kandi wambare agapfukamunwa n'amazuru igihe uba uri mu kibano candukizanya kandi igihe guhana inta bidashoboka.

Abahinga bacu ku vyerekeranye n'amagara bazobandanya gukurikiranira hafi igitigiri c'abandura gushasha umusi ku musi muri Australia kandi naho ukwandukizanya kuriko kurabera. Bazoca bafata ingingo hisunzwe ibimenyetso co kimwe n'amategeko mashasha canke ingingo zikenewe gufatwa. Uwo ari we wese ategerezwa kumenya ibiriko biraba ku bijanye n'ingingo ziriko zirakwirikizwa mu kuronderera kuri www.australia.gov.au.

IBIVUGWA: Gupima abantu bose bizohagarika ukurandagata kwa coronavirus

UKURI: Gupima ntiguhagarika ukurandagata kw'umugera.

Kimwe mu nkingi zikomeye z'ugukinga no gushira ku murongo COVID-19 ni igihe bibaye mu gihe ciza, gIkwiye kandi bagasuzumwa bihagije. Kwisuzumisha bihagije bifise uruhara rukomeye mu kudondora ikiza c'iyo ngwara, mu kumenyesha ivyabaye, abanduye, hamwe n'ukumenyesha abayobozi, kandi ivyo bigabanura ugukwiragiza n'ukwanduza abandi uwo mugera.

Yamara, kuba utatowe ko ugwaye COVID-19 ntibisigura ko utari mu kaga, ntibisigura ko ushobora kuba utarwaye, canke ko udashobora kwanduza abandi. Urashobora gusuzumwa ugasanga ntiwanduye COVID-19 umaze kuba waregeranye na SARS-CoV-2 (umugera utera COVID-19) ariko imbere yuko ubonekako ibimenyetso. Ni co gituma ari ngirakamaro gukaraba amaboko hamwe n'uguhana inta, hamwe no kuguma muhira igihe wumva yuko utamerewe neza. Ivyo bikorwa, bigiye hamwe n'ukwisuzumisha, birafasha gukinga ukwandukizanya COVID-19), hamwe n'izindi ngwara zandukira, bikagabanya abenegihugu ba Australia baja kwa muganga.

Ukuyobora neza amagara y'abantu mu gihe hariho igwirirana ry'ibitigiri vy'abantu banduye umugera hamwe n'ukwaduka kw'uwo mugera mu karere bisaba yuko ukwipimisha gutegerezwa kugirwa ku bantu mu bwitonzi ntangere kugira ngo hagumeho ukudahungabana hagati y'ukurandura ico kiza n'ugukingira aho hantu ho gupimira abantu kugira ngo ntiharengerwe n'ubwinshi bw'abahipfuza n'abahakeneye.

Ibipimo vyinshi vy'ahantu henshi vy'abenegihugu ba Australia vyerekana ko batarwaye (nta bimenyetso vyerekana ko barwaye biboneka) si ivyo gushigikira na gato. Iyi ngingo y'ugupima abantu si nziza ku bashikiwe n'ikiza canke ko ubuhinga bwo gukoresha ku bijanye n'igiciro kugira ngo hamenyekane ingene iyo ngwara iahanwahanwa, yandukira. Reta ya Australia irazi yuko hashobora kuba hariho igikorwa c'ugupima abadafise ibimenyetso mu bihe kanaka bizwi neza kugira ngo bahashe ingwara hamwe no kuraba yuko itoba yiyubitse, yinyegeje. Mu bihe nk'ivyo harimwo ukugene iyo ngwara yadutse, abantu bari mu kaga kanini ko kuyandura, kugira ngo bagabanure uturere yoshobora kwandurirwamwo, no gukingira abantu benshi bari mu kaga ko kuyandura iyo ata gikozwe kandi bakaba boshikwako n'izindi ngwara z'ivyuririzi hamwe bohirahira bakandura iyo ngwara.

Reta ya Australia irabandanya guhimiriza ko abantu bipimisha, harimwo n'aho abantu bakorera, ku kazi kabo, bagashiramwo n'intonde z'ukuraba yuko aho bakorera hari mu mutekano, mbere n'abaterekana ibimenyetso bagapimwa, kandi ko ivyo bobikorana n'abahinga bo mu vyerekeye amagara y'abantu hamwe n'abayobozi b'ibigo vyo gupimiramwo abarwaye. Ibi ni ukugira ngo uburyo bwose bushoboka bukoreshwe. Ku zindi nkuru ku vyerekeye aho Reta ya Australia ihagaze ku gukwiragira kw'abantu basuzumwe bagasangwa ata bimenyetso bafise, usabwe kuronderera ku muhora   ngurukanabumenyi w'igisata c'amagara y'abantu .

IBIVUGWA : Ibikoresho vy'ugupima ni ibigezweho ntivyihenda

UKURI: Muri Australia, ugusuzuma COVID-19 kurerekana neza ko umuntu arwaye canke ko atarwaye. Ubuhinga bwose bukoreshwa muri Australia mu gupima bwaremejwe ko ata mahinyu bugira Ubwo buhinga buguma bukurikiranirwa hafi n'abaganga babijejwe (TGA) kandi bigaca mu kugira uruhara rudasanzwe mu tunovera tw'intonde zitagira amahinyu zashizweho kubera SARS-CoV-2 (umugera utera COVID-19).

Muri Australia, ibigo bikoresha mu gupima  urukurikirane rwa polymerase n'ingaruka zayo (PCR) ni ubuhinga bwishimiwe cane bukoreshwa mu kurondera abanduye cane SARS-CoV-2 mu mubiri wabo, kandi bisaba gufata utuntu two mu muhogo aho uhemera bakaba ari two bapima. Ibipimo vya PCR birakomeye cane kandi nta kintu na kimwe gishobora kwihisha kandi bitora akantu kose naho koba gatoya cane katewe na SARS-CoV-2 kafashwe muri burya buhinga bukoreshwa mu gutora ivyo bapima.

Ubuhinga bwose bushasha bwo gupima muri Australia busaba kwitonderwa cane na TGA kugira ngo harabwe neza akanovera n'ukwizerwa kw'inyish zabonetse bivanye n'ubwo buhinga bushasha bwo gupima kandi bikanemezwa mu mategeko ko ubwo buhinga bwemewe.  Ku zindi nkuru zigezweho aho ibipimo vya COVID-19 vyashizwemwo muri Australian Register of Therapeutic Goods, usabwe kuronderera ku muhora ngurukanabumenyi bwa TGA kuri:  www.tga.gov.au/covid-19-test-kits-included-artg-legal-supply-australia

IBIVUGWA: Coronavirus ni impimbano

UKURI:  COVID-19 iterwa n'umugera wa Corona (SARS-CoV-2), uwo na wo ukaba umugera ukomoka mu muryango w'imigera myinshi ushobora gushitsa umuntu ku kwandukirwa biciye mu guhema haba mu bantu canke mu bikoko. Ukwo kwandura kurashobora kuva ku bicurane bisanzwe ukaja ku ngwara nyinshi zikomeye. COVID-19 ikwiragizwa mu bantu n'udute dute hamwe n'ahantu handuye umuntu ahakozeko.

Muri Australia, ikigo gipima ingwara zandukira zo muri Victoria (VIDRL) co kuri  Peter Doherty Institute for Infection and Immunity, cabaye ikigo ca mbere hanze ya Chine cashoboye gutora SARS-CoV-2.   VIDRL yahaye ibindi bigo vya Australia bipima abantu uwo mugera wari watowe, iwuha ikigo c'is yose gishinzwe amagara y'abantu n'ibindi bihugu, kugira ngo bashobore kuwusuzuma no kuwemeza biciye muri ubwo buryo bwo gupima COVID-19. 

Australia ifise ico irushije ibindi bihugu mu gushigikirwa n'ugukorera hamwe kw'abahinga bigenga n'aba Reta bakoresha aho gupimira imigera hafise ubuhinga bugezweko bwo gusuzuma no kubona hamwe no kwemeza   SARS-CoV-2. Ububasha bwo kuduza aho hantu bapimira bwabaye ngirakamaro cane mu gutuma Australia ishobora kugabanura cane ukwandura uwo mugera no kwirinda ukwandura kwinshi kwabonetse mu bindi bihugu. Inkuru ku gitigiri c'abantu banduye  COVID-19 hamwe n'igitiiri c'abapfuye bishwe n'iyo ngwara ziregeranywa muri Australia no mw'isi yose. Ivyo bitigiri birashirwa ahabona umusi ku musi muri  Gisata c'Amagara y'Abantu muri  Australia.

IBIVUGWA: Udupfukamunwa n'amazuru nta co tumaze kandi /canke ntidukingira.

UKURI: Udupfukamunwa n'amazuru, igihe dukoreshejwe dufatikanijwe n'izindi ngingo n'ukwirinda nk'ugukaraba amaboko, guhana inta hagati y'umuntu n'uwundi hamwe n'ukwipimisha igihe wumvise ko utameze neza, birafasha kugabanura ukurandagata kwa COVID-19.

Co kimwe n'iyindi migera myinshi ifatira mu guhema, SARS-CoV-2 (umugera utera  COVID-19) ahanini urandagatishwa n'udute dute turimwo uwo mugera, utwo dute dute tuboneka igihe umuntu yanduye ariko aravuga, akoroye canke yasamuye.  Ukurandagata vyongeye gushobora guterwa n'uko umuntu akoze ku kintu canke ahantu handuye uwo mugera Agapfukamunwa n'amazuru gashobora gukoreshwa n'umuntu yanduye umugera ufise ingaruka ku guhema, harimwo na COVID-19, uwo muntu yaba afise ibimenyetso canke ata vyo afise, kugira ngo akingire abandi mu kugabanura ukurandagata kw'utwo dute dute twanduye umugera utuma umuntu agira ingorane z'uguhema. Udupfukamunwa n'amazuru dukoreshwa n'abakozi bakora mu magara y'abantu n'abitwararika abandi kugira ngo bikingire igihe badashoboye guhana inta n'umuntu yanduye ingwara y'uguhema nabi, harimwo n'ingwara ya COVID-19.

Kwambara agapfukamunwa n'amazuru ni intambuko imwe yonyene mu kugabanura ukurandagata kwa COVID-19 kandi si igisubirira izindi ngingo z'ukwirinda. Ni ngirakamaro kubandanya gukurikiza amategeko y'isuku ry'amaboko mu gukaraba neza, n'amategeko agenga uguhema neza, guhana inta hagati y'umuntu n'uwundi, hamwe n'ukuguma muhira no kwipimisha iyo wumva umerewe nabi.

Nta kimenyamenya cerekana y'uko kwambara agapfukamunwa n'amazuru bidakingira canke ko bishikana ku ngorane z'ukubura impwemu z'uguhema.  Abatanga ivyo kwitwararika abantu barambaye udupfukamunwa n'amazuru igihe kirekire mu myaka myinshi kandi ntibigeze bagira izo ngorane z'ukubura impwemu.

 

Usabwe kuguma uraba kuri uyu muhora ngurukanabumenyi kugira ngo ugume umenyeshwa ibintu bikuru bikuru vyashitsweko mu kugene Reta ya Australia iriko irarwanya COVID-19.

SBS  vyongeye irafise inkuru nyinshi kuri COVID-19  mu rurimi rwawe. Urashobora vyongeye gukoresha ubuhinga bwa telephone ngendanwa hamwe n'ukuvoma ibishobora guhindura mu zindi ndimi inkuru zitangwa na Reta. Rondera ubuhinga buhwanye n'ingorane zawe.

Kugira ngo ushikire izindi nkuru zongeye kuri izi mu Kingereza, ronderera kuri www.australia.gov.au.