Umuntu ku giti ciwe no ku baba mu rugo

Kurekura imbere y’igihe amahera y’ubutama

Abantu bemerewe barashobora gusaba bacishije ku buhinga ngurukanabumenyi kuri myGov kugira ngo bashobore gushikira amahera agera ku $10,000 y’ubutama imbere y’italiki 31 Kigarama 2020

Gushijkira amahera yawe yongerwako hataragera bizogira ingaruka ku mahera wategerezwa kuronka y’ubutama kandi birashobora kugira ingaruka ku mahera uzoronka umaze gukukuruka. Raba neza yuko urondera imfashanyo mu vy’amahera imbere yuko usaba ko baguha amahera imbere y’igihe

Rondera kumwenya kubijanye no gusohora amahera y’ubutama hakiri kare kuri www.ato.gov.au/early-access, kuvugana no ATO mururimyi gwawe, telefona ishirahamwe ryo gusobanura (TIS National) kuri 13 14 50.

Nta gusohorwa mu nzu

Ukwirukanwa canke ugusohorwa mu nzu bizoba birabangiriwe mu meze atandatu na n’ama reta y’igihugu hamwe n’ayuturere. Abapangisha hamwe n’abapanga bahimirizwa kuvugana ku vyo bemezanije mu gihe gito. Ronderera muri reta y’ igihugu ubamwo canke reta y’akarerere ubamwo nimba ukeneye kumenya ibirenze ibi tukubariye.

Amahera umukukuruke ashobora gukuramwo

Ibisabwa n’imiburiburi ku mahera ashobora gukurwamwo hafatiwe ku mahera y’ugukukuruka hamwe n’ibindi bikoresho vyaragabanuwe ku bice 50% ku mahera yinjiye ku myaka ya 2019-20 na 2020-21 kugira ngo bifashe kugarukana ivyatakaye bikomeye mu masoko y’amahera kubera ingaruka z’ikiza ca COVID-19

Ku zindi nkuru zirengeye izi tubabariye ngaha ronderera kuri www.ato.gov.au/drawdown

Uguhemba abasigaranye akazi

Amahera yo guhemba abasigaranye akazi afasha ubucuruzi bagize ibibazo cane na COVID-19 igafasha mugishingo c’imishahara yabakozi babo, bityo abanya Australiya benshi barashobora kugumana akazi kabo bagakomeza kwinjiza.

Umukoresha wawe azakumenyesha niba bashaka gusaba ayo mahera bakwishura ibyumweru bibiri mwizina ryawe.

Ukeneye izindi nkuru raba kuri www.ato.gov.au/jobkeeper

Kugumiza ivariho mu mutekano no mu buryo bubereye

Harabayeho ukwiyongeranya k’ubugizi kubera COVID-19 uburiganya hamwe nubundi buriganya bwibasira abanya Australiya. Nimba wibaza wibaza ko hari umuntu adakwiriye yinjiye mu migenderanire nawe canke nimba waragize amakenga kuri email canke ubutumwa butoya bakurungikiye canke umuntu yoba yarakwakuye kuri telephone, banza utubaze.

Niba hari igihe utazi neza niba imikoranire ya ATO nukuri, ntugasubize. Hamagara umurongo wa telefone ya ATO kuri 1800 008 540 canke urabe www.ato.gov.au/scams.

Niba utekereza ko umuntu yivye canke yakoresheje nabi umwirondoro wawe, turashobora kugufasha. Turatanga amakuru, inama nubufasha bwo gufasha abasoreshwa kongera kwerekana indangamuntu yabo.

Urashobora kandi kubitumenyesha nimba wumva nk’umuntu ku giti ciwe canke ku bikorwa vyawe bitariko birakora ibigororotse kuri aha hakurikira www.ato.gov.au/tipoff.

Amafaranga ya leta na serivisi

Serivisi Australiya irashobora kugufasha mumafaranga nubwo utarabona amahera ya Centrelink. Ntugomba kuja mu kigo ca serivisi. Urashobora gukoresha amahitamo yacu yo kwikorera. Urashobora kandi kubona umukozi ushinzwe imibereho myiza. Niba usanzwe uri umukiriya, hari impinduka muburyo bwo kwishyura na serivisi bitewe na coronavirus (COVID-19). Kubindi bisobanuro mundimi nyinshi raba kuri servicesaustralia.gov.au/covid19