Viza hamwe n’umupaka

Ugushiraho imipaka ku ngenzi

Kubuza ingenzi uruja n’uruza kuja kwarashizweho kubuza abatari abavuka gihugu ba Australia hamwe n’abataba muri Australia kwinjira muri Australia.

Mu bantu batabuzwa gutembera harimwo abantu bo mu muryango w’abo muri Australia hamwe n’ababa muri Australia harimwo n’abatambukanyi, abakiri bato babeshejweho n’abakuze, abarezi bemewe n’amategeko hamwe n’ababana. Inyuma y’ugushika muri Australia, ingenzi zose zisabwa kumara imisi 14 ukwa zonyene, zakumiriwe.

Inkuru ku bafise visa z’igihe gitoya

Abafise visa bipfuza kuguma muri Australia inyuma y’ikiringo bari bahaweca visa yabo bakwiriye gusaba iyindi visa bakongerezwa ikiringo co kuba baraba muri Australia. Abafise visa bakwiriye kuraba ico visa yabo ivuga kugira ngo barondere iyindi visa ijanye n’ibihe barimwo kandi barabe ko bashobora kuyisaba.

Ku zindi nkuru zirengeye izi tubahaye ku bijanye n’ubiryo bwo kugendagenda na visa, ni baronderere kuri covid19.homeaffairs.gov.au.